Thursday, March 30, 2023
HomeUbutunziPerezida Ndayishimiye agabisha ko hashobora gukorwa inoti nshasha kugira akomeshe abanyegeje mu...

Perezida Ndayishimiye agabisha ko hashobora gukorwa inoti nshasha kugira akomeshe abanyegeje mu mazu yabo amafaranga bivye.

Umukuru w’igihugu c’uburundi avuga ko ashobora gufata ingingo ko hakorwa inoti nshasha . Varisito Ndayishimiye akamenyesha ko azoba abikoze mu ntumbero yo kugira akomeshe akarwi k’abantu avuga ko batarenga 100 bapfukamye igihugu mu nda batoye amafaranga y’umurengera mw’ibanki nkuru y’igihugu BRB maze baca bayabika mu mazu yabo.

Kubwa Perezida Ndayishimiye ibituma agaciro k’ifaranga ry’uburundi gakomeza gutituka n’ubukene bukiyongera.

Amashirahamwe amwamwe yigenga akunda gukebura Leta ukwo yokora mu gisata c’ubutunzi abona ko nyabuna hategerezwa gushirwaho imigambi yo kwiteza imbereno kuresha abagizwatunga mvamahanga kugira ifaranga ry’uburundi ryongere kuduza agaciro.

Must Read