UBM News ads
Tuesday, October 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Agathon Rwasa avuga ko Ubutegetsi buhari bwaburabuje umugambi wo gukoresha ibitenge vyagenewe isabukuru ya CNL.

UBM News ads

Umukuru w’umugambwe CNL avuga ko ishirahamwe Afritextile ryanse gukorera umugambwe CNL ibitenge vy’isabukuru y’imyaka ine uwo mugambwe umaze wemerewe gukorera ku mugaragaro. Ikigo OBR hamwe na BBN hamwe n’iperereza ry’uburundi navyo ngo bifata ibitenge uyo mugambwe wari watumyeko hanze y’igihugu. Agathon Rwasa yabivuze kuri uyu wa 12 Ntwarante 2023 igihe umugambwe arongoye CNL wari mu birori vyo guhimbaza imyaka ine irangiye uwo mugambwe wemerewe gukorera ku mugaragaro.

Afatiye kw’ivyo vyabaye, Umushingamateka Agathon Rwasa akibaza ingene igihugu c’uburundi kizotera imbere kubona ihinguriro ryanka umukiriya aje aritombera azanye amafaranga.

Tubamenyeshe ko kuva umugambwe CNL wemerewe gukora ku mugaragaro wagiye uburabuzwa n’abajejwe intwaro, abajejwe umutekano hamwe n’urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi , hamwe abanywanyi b’uwo mugambwe bagiye bicwa, abandi bagafungwa hamwe rero n’isamburwa ry’ingoro z’uyo mugambwe mu mihingo itandukanye y’igihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments