UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ivyo Melchior Ndadaye na Cyprien Ntaryamira barwanije nivyo vyibonekeza uyu musi mu Burundi- Gervais Banshimiyubusa

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umwepisikopi mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura Gervais Banshimiyubusa amenyesha ko mu burundi hibonekeza ikumirwa rya bamwe muri politike,ukutigenga k’ubutungane hakaba kandi hibonekeza amashirahamwe make cane n’imigambwe ishobora kwubahuka kugira ico ivuze kuri iyi ntwaro.kubwiwe ivyo Melchior Ndadaye na Cyprien Ntaryamira barwaniye nivyo biriko biribonekeza uyu musi mu Burundi.ibi yabize kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 6 ndamukiza 2024 mu gusabira umuhisi Cyprien Ntaryamira yahitanywe n’isanganya ry’indege iKigali mu Rwanda 1994.


Gervais Banshimiyubusa avuga ko ivyabaye mu gihe ca Prezida Ndaye na Ntaryamira bikwiye kuza biratwigisha kuko mu gihe cabo cabo hari ababakumira ngo ntibavuge rero ahanura abategetsi kuvyirinda kugira nabo ntibasange nabo babiguyemwo batabizikuko hari abibaza ko isi tangurana nabo bakagomba guca mu mayira abandi bamaze gucamwo kandi barabonye ko ayo mayira adashika kuko bibaza ko isi itanguranye nabo.

Gervais Banshimiyubusa yavuze ko hiboneza ikumirwa rya bamwe muri politike,ubutungane nta kwigenga bufise hamwe n’imigambwe mike canke amashirahamwe ashobora kugira ico avuze kuri iyi ntwaro.yagize ati:«hari utubazo dukwiye kuza turibaza.mbega muri iki gihugu c’uburundi ababona kandi bakavuga ko agatima ko kugomba kwigugana ubutegetsi ubanje gukumira abandi bose ko ako gatima kariko katatwinjirana boba barira busema?ababona ko urwego rw’ubutungane rutizigiwe na bose kuko bisigaye birugora gutunganiriza bose kubera kumbure abashobora kuvyivangamwo abategetsi bamwe bamwe basigaye bari hejuru y’ububasha bw’amategeko ababibona uko boba bari kure y’ukuri?mbega ko umenga muri iki gihugu cacu hasigaye hari amashirahamwe,imigambwe mike yubahuka kugira ico ikebuye ku mugaragaro,ico ikebuye kuri iyi ntwaro bisigura iki kuvyo uburongozi bwiza?nyabuna nyabuna ivyabaye muri kahise turiko dutera ivyatsi uyu musi bize biradutera kwibuka ntitubisubiremwo.»

Uko biri kwose Leta ya Cndd-Fdd ikwiye kuraba igafatira akarorero keza k’untwari zarwaniye ukuri kugira tube dushitse aho tugeze uyu musi ariko n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yama yavuze ko ubutungane bw’iburundi buhanzwe na vyinshi harimwo ibiturire,abarenganya abandi kuko badafise amafaranga.none habura iki ngo ibintu bihinduke? Umukuru w’igihugu yama yavuze ko dukwiye kugiriranira urukundo ariko hakaba hari bamwe bari gusamburirwa imigambwe yabo abandi bagahohoterwa none habura iki ngo ibintu bihinduke?

Abarundi bose ni bene Burundi nta numwe akwiye kuzira uko yavutse canke ivyiyumviro vya politike twari dukwiye kubona ko uwo mudasangaye ivyiyumviro vya politike Atari uwo kurwanya ahubwo ari inguvu n’itunga ry’igihugu hama abarundi bose bubake uburundi bwiza mu butandukane bwabo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments