UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abarundi bakwiye kurizwa n’aho uburundi bugeze uyu musi Atari ho bwahoze-Prezida Evariste Ndayishimiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye avuga ko abarundi bari bakwiye kurira baravye aho uburundi bugeze uyu musi kandi imbere y’umuzo w’abacoloni bwari uburundi bwiza.kubwiwe ngo iyo avyiyumviriye biramusiga akarira yibaza icatumye Babura ubwo Burundi bwa kera.ibi akaba yabivugiye mw’ishengero rya Mutima mweranda riri I kiriri hari kuri uyu w’Imana twaraye turangije.


Murico gisabisho umukuru w’igihugu umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yavuze ko uburundi bw’imbere y’umuzo w’abacoloni bwari uburundi bwiza cane.agafatira kukarorero k’uburundi bwo mu mwaka wa 1896 aho abarundi bashobora gucura amasuka mu butare bwabo.

Evariste Ndayishimiye yagize ati:«Nimwiyumvire uburundi bw’imbere y’umuzo w’abakoloni mwiyumvire ubwo Burundi ingene bwari bumeze muce mwiyumvira iyo vyari kubandanya kurya kugera uyu musi.uburundi buba bugeze he?iyumvire ingene uburundi bumeze.genda murabe ibihugu vyose biteye imbere aho vyahereye muce muraba aho bigeze muce muraba uburundi bwo mu 1896 ingene bwari bumeze.aho mwiyumviriye uburundi ingene bwari bumeze ntimworira?jewe hari igihe ndabwiyumvira nkarira kubera ubwo Burundi ntabufise.»

Naho umukuru w’igihugu avuga uko nta misi yari iheze mu kwezi kwa kabiri amenyesheje abarundi ko igihugu arongoye abanyagihugu bose banezerewe kiretse abemeye kuba abaja b’igihugu c’urwanda aho mbere yagiriyeko abahamagarira kuza mu gihugu c’umunezero mu Burundi.muri ukwo kwezi nyene yaravuze ko uburundi ari umurima wa Edeni uvurwa muri bibiliya.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments