UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Urugomero rwa jiji murembwe rwacerejwe no kubura ifaranga mvamakungu-Ibrahim Uwizeye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikshikiranganji ajejwe ubutare n’agataka Ibrahim Uwizeye avuga ko ibikorwa vyo kwubaka urugomero rwa Jiji-Murembwe vyacerejwe nuko amafaranga y’agaciro(devise)yabuze ifaranga ry’uburundi naryo rikaba ryarataye agaciro,akavuga ko hakenewe imiriyoni 102 z’amadorari kugira ibikorwa birangire.ibi yabivugiye mu nama nshingamateka kuri uyu wa gatanu igihe bari kwiga ibwirizwa ryemeza imfashanyo yatanzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere “IDA”.


Mugihe inama nshingamateka yari iramutse yiga integuro y’ibwirizwa ryemeza imfashanyo yatanzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere “IDA” kuri uyu wa gatanu ndamukiza 2024,iyo mfashanyo ikaba igenewe kwubaka urugomero rwa jiji-Murembwe.

Umushikiranganji Ibrahim uwizeye ajejwe ubutare n’agataka akaba yamenyesheje ko abafasha mw’iterambere ry’uburundi batanze imiriyoni 270 z’ama dorare y’abanyamerika kugira hubakwe urwo yugomero aho ibikorwa bigeze ku 70%.

Ibrahim Uwizeye akaba yamenyesheje ko ibikorwa vyacerejwe nuko ifaranga mvamakungu ryabuze ifaranga ry’uburundi naryo rikaba ryarataye agaciro.amafaranga yari amaze imisi akoreshwa guhera muri 2014 atazoshobora guheraheza ibikorwa.ku bwivyo harakenewe imiriyoni 102 kugira ibikorwa birangire.

Ibanki y’isi yaremeye gutanga imiriyoni 50 z’amadorari,ibanki y’ubumwe bwa burayi ijejwe imigambi y’iterambere yemeye gutanga imiriyoni 25 z’ama dorare hamwe n’ubumwe bwa bulayi bwemeye gutanga imiriyoni 25 z’amadorari.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments