UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ivyo Agathon rwasa ariko arakorerwa bikomeje kumubabaza ” soma hano umenye ivyobintu !

UBM News ads

Agathon Rwasa avuga ko ariwe akirongoye umugambwe FNL, amenyesha ko atigeze atumirwa mu nama abarongoye imigambwe ihurikiye mu runani ADC Ikibiri bagize, inama yavugiwemwo ibitari bike harimwo ugutanga umwe kugira aze abaserukire mu matora yo mu mwaka w’2015, no guhamagarira abanywanyi babo kuja mu mabarabara hamwe Reta yoshikana iminsi 14 itarikubita agashi ku bijanye n’ihinduka ry’ibwirizwa nshingiro.

rwasa

Rwasa avuga ko ivy’iyo nama nawe nyene yavyumvise ku nsamirizi, aca abandanya amenyesha ko hamwe muri ADC bobona ko igikuru ari ukwo boza baramuha icegeranyo c’ibikorwa baba bagize adatumiwe atakundi, azobifata ukwo nyeme, ariko akamenyesha ko ikimuraje ishinga kuruta ibindi ari ukwo umugambwe wiwe avuga ko washwanyaguritse wosubira nk’uko wari umeze, maze umugambwe FNL ukitaba amatora yo mu mwaka w’2015 akajagari kawurangwamwo kaheze.

Igisigaye kukaba ari ukumenya namba Agathon Rwasa azemera ingingo zaraye zisomwe n’umupfasoni Alice Nzomukunda yahoze ari icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akiri mu mugambwe CNDD FDD, ubu akaba arongoye Urunani rw’imvugakuri ADR. Muri izo ngingo yasomye ku bw’urunani ADC Ikibiri asanzwe arimwo, uyo mupfasoni akaba yavuze ko urunani ADC Ikibiri ruzotanga uwuzoruserukira umwe, rutange urutonde rumwe rw’abazitoza kuba abashingamateka n’abandi, rugahamagarira abipfuza kuja muri izo nzego zose kwo imiryango yuguruye. Ikindi muri urwo runani bavuga , ni ukwo bagiye gukora ibishoboka vyose, intwaro ya CNDD FDD igaherana n’ibi biringo bibiri imaze ku butegetsi.

Mu runani ADC Ikibiri bakaba bavuga ko Agathon Rwasa azoronswa icegeranyo c’ivyo bashitseko muri ayo masezerano, ni ukuvuga ivyateweko umukono n’abakuru b’imigambwe yose ihurikiye mu runani ADC Ikibiri.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments