Wednesday, September 27, 2023
No menu items!
HomeNewskigosi '' Nimba bazonyakira nkuko banyakiriye nkigishika mu burundi, harigihe ntazosubirayo !

kigosi ” Nimba bazonyakira nkuko banyakiriye nkigishika mu burundi, harigihe ntazosubirayo !

Abakinyi rurangiranwa bakina ama Movie batuye mu gihugu ca Tanzania ” Vicent Kigosi, Oprah , Miriam , Juma CHIKOKA na Hansy Chuchu baraye basubiye mugihugu cabo Ca Tanzania nyuma yaho bari bamaze iminsi itari mike bari mu burundi i Bujumbura.

Vicent kigosi agishika mu burundi yakiriwe nabi cane bimwe biteye isoni kuko nyene ubwiwe uko yarazi ko bazomwakira siko yabisanze, ariko impanvu nyamakuru rero yatumye atakigwa neza nuko i company yari yatumye ajayo yabuze ubushobozi bwo gushitsa uko bari bavyunvikanye na Kigosi.

Nyuma yaho i Company yari yatumye abo bakinyi bama Movie baja mu burundi ariko munyuma bakananirwa gushitsa amasezerano, iyindi Company ikomeye cane mu Burundi izwi kw’izina rya IKOH MULTISERVICE yahise yitanga ikora uko ishoboye kwose kugirango ibintu bigende neza.

Nivyukuri ” IKOH MULTISERVICE ” yarerekanye neza ko ishaka ihinduka hamwe niterambere mu gihugu cu burundi kuko munyuma baje kuriha amahera yagiturumbuka kandi batari babivuganye nabo basani bari baje bava mu gihugu ca Tanzania, amahera iyo company yarishe ni i million zitatu n’ayandi arenga hejuru y’amarundi (3.221.750 ), ayo nayo akaba angana nama Dollar $ 2068.87 y’abany’america.

Ibi biteye isoni kubantu batumizako abantu kandi bazi neza ko bafise ubushobozi buke ariko natwe UBMNews turashimira iyo company ya ” IKOH MULTISERVICE ” kuba yaritanze uko ishoboye kwose kugirango uburundi ntibugende bwidogerwa.

Raba hano musi amafoto yukuntu ibintu vyose vyari vyifashe.

Hano hari kukibuga Cindege ba Vicent Kigosi bagira basubire muri Tanzania.

Aba bari kwi Pica ni : HANSY , OPRAH na MIRIAM

Vicent kigosi hamwe nuno mukobwa ni abakunzi bakundanye bimwe bikomeye nkuko nyene ubwiwe Vicent kigosi yavyivugiye.

Nyuma yaho IKOH MULTISERVICE yakiriye neza bano basani , Vicent Kigosi hamwe nabo bari barikumwe bose basubiye muri Dar es salaam kumusi wejo hashize bafise umunezero udasanzwe.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments