UBM News ads
Sunday, December 10, 2023
No menu items!
UBM News ads

Nico gihugu cambere kwisi cugaye idini rya Islam ” itegeko aba islam bose bahawe rirababaje

Nubwo Itegeko nshinga muri Angola riha abenegihugu bose uburenganzira bwo kuja mu madini bashaka, ubu burenganzira bwimwe abasengera muri Islam, kuko ryo ryamaze gucibwa.

aba Islam

Angola ibaye igihugu ca mbere giciye idini rya Islam, ndetse kikaba kibaye ni ica mbere kw’Isi, Minisitiri w’umuco muri Angola, Rosa Cruz e Silva, yavuze ko kwemerera idini rya Islam muri iki gihugu bitigeze vyemerwa na Minisiteri y’ubucamanza muri Angola, bityo imisigiti yose igomba gufungwa kugeza hatanzwe andi mabwiriza.

Rosa Cruz e Silva yatangaje ko guhagarika Islam biri mu rwego rw’inguvu iki gihugu cashizeho mu kurandura amadini akora ata vyangombwa afise ikindi naco nuko kwitariki ya 24 uku kwezi, Perezida wa Angola José Eduardo dos Santos yatangaje ko igihugu ciwe, kigiye gushira iherezo kuri Islam.

Hagati aho n’Umuyobozi w’Umuji wa Luanda Bento Bento nawe yatangaje ko idini rya Islam ridafise umwanya muri iki gihugu, ashimangira ko Leta ya Angola idateze guha uruhusha imisigiti, ndetse n’ahantu ahariho hose Aba isilamu bahurira basenga.

Abanyagihugu bo muri Angola usanga abenshi babarizwa mu myemerere ya kera, ibinyamakuru bivuga ko abanyagihugu 47% usanga bemerera mu migenzo ya kera, 38% bakaba Aba gatorika naho 15% ni Abaporoti.

Ikinyamakuru The Guardian express kiravuga ko Rosa Cruz e Silva yakomeje avuga ko atari Islam gusa yabujijwe gusenga, kuko ngo hari ayandi madini mato arenga 200 yahagaritswe. Amadini arenga 1,000 yasavye ko bokwemererwa gusenga, ashimangira ko imisigiti ya Islam igomba gukomeza igafungwa. Ibi kandi bije mu gihe mu Kwakira uyu mwaka, hari umusigiti umwe mu Muji wa Zango wasenywe.

Angola ituwe n’abanyagihugu miliyoni 18, igitigiri cabasenga muri isilam baharurwa hagati y’ibihumbi 80 na 90 baje baturuka muri Afurika y’uburengerazuba.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments