UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ivyirwa n’uburyo bukenewe kugira ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura yubakwe ntibiraboneka-Jeanne Mukenguruka

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

umuvugizi w’ubushikiranganji bw’inyubako,ibikorwa vya leta no kurwiza uburaro Jeanne Mukenguruka amenyesha ko ivyirwa n’uburyo bukenewe kugira ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura hubakwe bitaraboneka,akavuga ko Leta y’uburundi ikiriko irarondera uburyo bukenewe kugira iyo soko nkuru ishobore kwubakwa.Hari mukiganiro abavugizi b’inzego za Leta batunganije kuwa 29 ntwarante 2024 mu ntara ya Karusi.


Jeanne Mukenguruka yagize ati:«Nivyo isoko nkuru ya Bujumbura barerekanye ibicapo berekana neza ingene iyo soko izoba imeze muri kino gihe hariko harakorwa ivyirwa vyerekana ibikenewe vyose kugira iyo soko yubakwe,ibikoresho,amafaranga bizotwara rero ico Leta y’uburundi iriko irakora nukurondera uburyo bukenewe kugira iyo soko yubakwe kuko n’inyubakwa nini izoba yubatswe ku buryo bwa kijambere kuburyo bakwiye kuvyitondera bakarondera uburyo bukwiye kugira iyo soko ishobore kuba nziza.kuko mwarabonye kuri birya bicapoko azoba ari isoko ya kijambere yubatswe neza.»

Imyaka cumi n’umwe (11)irarangiye isoko nkuru ya Bujumbura ituriwe n’umuriro bamwe bavuga ko ari umuriro wiyadukije abandi bakavyegeka kubutegetsi buhari uyu musi ariko ntamatohoza yakozwe neza ngo hamenyekane icateye uwo muriro waturiye isoko nkuru ya Bujumbura.

Isoko nkuru ya Bujumbura yari itunze abarundi benshi mbere n’igihugu c’uburundi caharonkera amakori meshi bigatuma imigambi ya Leta igenda neza.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments