UBM News ads UBM News ads
Sunday, July 14, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Imana yashinze icicaro mu Burundi -Gelase Daniel Ndabirabe

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Gélase Daniel Ndabirabe arongoye inama nshingamateka amenyesha abarundi bose ko Imana yashinze icicaro mu Burundi,kubwivyo ahamagarira abarundi bose gukuraho ibibi mu mitima yabo bakirinda kurenganya abandi. Ibi yabivuze mugihe yariko yigisha ijambo ry’Imana mw’ishengero ry’urutare(Rocher) kuri uyu w’Imana uheze igenekerezo rya 31 ntwarante 2024 ku musi mukuru wa pasika.


Gélase Ndabirabe yahamagariye abarundi bose n’abaraho guhinduka bagahuraho ibibi vyose bakirinda kurenganya kuko na yesu yarabakunze urukundo rwinshi.yagize ati:«iyi pasika nukuri iduhindure iduhindure ahantu hose no muvyo dukora vyose.Umukuru w’igihugu ati muri 2040 tuzobe turi igihugu cigenga cigaba kikigaburira,ati muri 2060 tube igihugu giteye imbere .none uno musi ati umwana w’Imana ati ndazukiye mu Burundi ahandi ntavyo nzi kubera sinzi uko bamwemera mugabo hano mu Burundi Imana yatubwiye ati n’aha ndi, niho nashinze icicaro.kubwivyo rero ari kumwe natwe natwe duhinduke gose twirinde kurenganya abandi.»

Naho Gélase ndabirabe avuga ko Imana yashinze icicaro mu Burundi no ku ntwaro ya cndd-Fdd ntihasiba gutorwa ibiziga vy’abishwe,abarenganywa,abatotezwa bahorwa ivyiyumviro vya Politike ivyo bigaheza bigatuma benshi bibaza ko iyo mana bavuga yoba Atari Imana izwi vyukuri y’urukundo,impuhwe,itanga amahoro kuko yoyo itubwira ngo tubane neza n’abandi,tugire urukundo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments