UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abanywanyi ba CNL barenga 100 bari gusaba ubuhungiro muri Tanzaniya

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abanywanyi b’umugambwe CNL barenga 100 baramaze guhunga uburundi berekeza mu gihugu ca Tanzaniya gusaba ubuhungiro.Aba banywanyi ba CNL bakaba bava mu ntara za Gitega,Ruyigi na Makamba bakaba bagizwe n’imiryango 23.bakavuga ko bahunze agatotezo bakorerwa n’ubutegetsi bwa Cndd-Fdd mu kubaboreza igufa,kwicwa no gupfungirwa ubusa.hari igenekerezo rya 24 ntwarante uyu mwaka igihe abo banywanyi ba Cnl bashika mu karere ka Kigoma mu kurindira ko bakirwa.


Nkuko vyandikwa n’ikimenyeshamakuru SOS Médias Burundi kurubuga rwaco X(twitter) bavuga ko mundwi iheze abanywanyi b’umugambwe CNL utavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Cndd-Fdd bagera kw’ijana(100 ) bagizwe n’imiryango 23 bava mu ntara za Gitega,Ruyigi na Makamba bahunze igihugu berekeza muri Tanzaniya gusaba ubuhungiro kubera agatotezo bakorerwa mu Burundi.Abo banywanyi ba CNL bakaba bashikiye ku karere ka Kigoma imbere yuko bakirwa.
Abo banywanyi ba CNL vyaboneka ko bari barushe cane aho bamwe bari bavyimvye amaguru bashonje cane,abana barira umwanya wose.bakavuga ko baraye mw’ishamba ryegereye aho imbere yuko bashika isaha zine(10h) ku w’Imana uheze igenekerezo rya 24 ntwarante.

Nkuko bibandanya bivurwa na SOS medias Burundi abo banywanyi ba CNL bavuga bati«twarakorewe agatotezo kubera turi aba CNL bagenzi bacu baraburiwe irengero,abandi baricwa abandi barapfungwa kukarenganyo.turasaba gukingirwa»

Icegera c’umukuru w’ikambi akaba yavuze ko bategerezwa gusubira inyuma kubera mu Burundi ata ntambara iriyo canke amatati y’abitwaje ibirwanisho,badasubiye inyuma naho bazofatwa nkabaje guhungabanya umutekano w’igihugu ca Tanzaniya.yabamenyesheje ko badashobora kwakirwa kubera impamvu y’umutekano muke bavuga bidafise ishingiro.

Abo banywanyi ba Cnl bagize bati:«ntidushobora gusubira I gitega dupfuma dusaba abegereye inkambi baducumbikire.hariho abandi bari inyuma baza bashobora gushika umwanya uwo wose.»

Uburongozi bw’ikambi ya Nyarugusu bwaragabishije impunzi z’abarundi ko uwohirahira ngo ahe ubuhingiro abo banywanyi ba CNL azohanwa bibone

Abo barundi bakaba barahavuye barakirwa bajanwa kuba baregeranirizwa mu karere kari mu ntara ya kigoma mu kurindira ko bandikwa bagahanwa uburenganzira bwo kuba impunzi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments