Amatora 2015 – Pr. Petero Nkurunziza yemeye Amahinguriro n’ingomero z’Umuyaga nkuba ku Barundi

0

Amahinguriro n’ingomero nivyo vyemewe n’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi ko bizokorwa mu gihe yotorwa irigira gatatu ngo arongore igihugu c’Uburundi. Ivyo akaba yabishikirije abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter kuri uno musi wa kabiri mu gatondo.

nkur

Muri ayo majambo yashikirije yemeye ko amahinguriro azohora ahingura ivyimburwa bizoba vyimbuwe n’abarundi, akaba kandi yanemeye kuzokwiragiza ibitungwa bito bito mu ntumbero yuko bisahiriza intabire za kijambere kugira umwimbu urwire.

Hampande y’ivyo kuri urwo rubuga nyene rwa Twitter rwa Pr. Petero Nkurunziza yamenyesheje ko ingomero zishika 6 arizo zizubakwa mu kiringo c’Imyaka itanu azoba atwara Uburundi.

nkuru

Aho yari ni mu ntara ya Karusi yamenyesheje ko ubutare buca bwimbwa muri WAGA aho hazonubakwa amahinguriro azotanga Ubuzi ku banyakarusi mu gihe bomwizera bakamutora akongera gutwara ikiringo kigira gatatu.

Mwomenya ko ariko yiyamamaza wenyene muri ayo matora nkuko yabikoze mu myaka cumi iheze, akaba kandi ariko yitegurira amatora yasabwe n’Inama y’abakuru b’Ibihugu vya afrika y”ubuseruko ko yokwungururizwa mumpera za Kuno kwezi kwa mukakaro, mu gihe yobaye igenekerezo rya 15 mukakaro.