Itegeko rishasha rigiye gukingira abubatsi n’abafasha babo.

0
Itegeko rishasha rigenga amashirahamwe y’ubwishingizi canke yo gutegekaniriza impanuka (assurance) mu Burundi rivuga ko abubakisha amazu bategerezwa kubanza kwandikisha abakozi babo (maçons et aide-maçons) muri ayo mashirahamwe imbere yo gutangura kwubaka.
Umwe mu bagize urwego rujejwe gucungera uko ayo amashirahamwe akora mu Burundi ARCA, yabishikirije mu nama urwo rwego rwagirishije, kuri uyu wa kabiri, abacamanza n’abashikirizamanza. Muri ARCA bavuga ko aho bubaka (chantier de construction) hakunda kubera impanuka.
Arcade Niyongabo amenyesha kandi ko iryo tegeko ritegekanya ikiringo kugira uwagize isanganya n’uwamwishingiye bumvikane, bumvukanye ko atawuzoba agisubira kwitwara. Ivyo rero, asigura ko bizotuma imanza z’ijanye n’inshumbusho zigabanuka mu masentare.