Icegeranyo catanzwe n’umurwi w’igihugu ukurikirana ivy’ikiza ca corona virus mu Burundi.

0
Abarundi bipimisha  ku bwinshi ko boba bagendana imigera wa corona virus, kandi abakira baba benshi. Ariko abize canke abandandaza bakuru bakuru bipimisha ni bake. Hagiye kurabwa ukuntu bohimirizwa kwipimisha ku bwinshi, na cane cane aha mu gisagara ca Bujumbura, kugira ibintu bigume bigenda neza. Ubu abakirwaye, bakiri ku miti, bashika 356. Ariko nabo bameze neza”
 “Mu gikorwa giherutse co gupima abanyeshure biga baba mu ndaro z’ishuri, hamwe n’abarezi babo, hapimwe abashika 59.000. Ibice 2% nivyo vyasanganywe uwo mugera. Turashima iyi ndwi iheze, abanyeshure bose bari batowe uwo mugera, bahambije bagenzi babo kw’ishure”
 Ivyo vyashikirijwe n’Umushikiranganji w’Amagara y’abantu mu cegeranyo c’inama yahuje abahurikiye mu murwi w’igihugu ukurikirana ivy’ikiza ca corona virus mu Burundi.