Ibihugu 20 n’Uburundi burimwo ntibizosubira kwakira inkino mpuzamakungu.

0

Ishirahamwe ry’ umupira w’amaguru  muri Afrika (Confederation of African Football CAF)

yafashe ingingo ntabanduka yasohotse kuri uyu wa 2 Rusama 2021 ko ibihugu 20 bitazosubira kwakira inkino zo kurwego mpuzamakungu kuko ibibuga vyavyo bidakwije ibisabwa n’amategeko. Muri ivyo bihugu harimwo ibikomakomeye mu mupira w’amaguru nka Senegal, Mali na Burkina_Faso.

 Kuri urwo rutonde rwashizwe ku mugaragaro na CAF, Uburundi ni bwo bwonyene budafise ikibuga mpuzamakungu mu karere ka EAC
 Yussuf Mossi ajejwe amahiganwa muri FFB asigura ko inkino z’imigwi y’uburundi zizokinirwa hanze mu kurindira ko haboneka ikibanza cokubakwako ikibuga kigezweho n’uburyo bwo kucubaka.
 Iyo ngingo ntiyakiriwe kumwe n’abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi na cane cane ko ibibuga biguma vyubakwa ariko ugasanga ntana kimwe cashoboye kwubakwa kugwego mpuzamakungu.