Itangwa ry-ibirwanisho ku mbonerakure hamwe n-abahoze ku rugamba riteye ubwoba benshi.

0

Hamaze iminsi mike mu bice bitandukanye vy-igihugu hariko havurwa itangwa ry-ibirwanisho  mu mpisho ku rwaruka rw-imbonerakure hamwe n-abahoze ku rugamba.  Abari inyuma y-iryo tangwa ry-ivyo birwanisho akaba ari muri bamwe mu bajejwe intwaro hamwe n-abo mu nzego z-umutekano. Abatari bake bahaye bibaza nyimba ryoba ari ishirwa mu ngiro ry-ibiheruka gusabwa n-uwurongoye igisirikare kirwanira mu mazi aho yasavye ko Inzego z-umutekano no kwivuna abansi zorikanura kuko hariko hibonekeza imyiteguro y-imirwi yitwaje ibirwanisho yo gutera igihugu, ko rero hokwikorwako abahoze ku rugamba ndetse n-abegamiye imigambwe bagafasha mu gucungera umutekano w-igihugu.Images des IMBONERAKURE en uniformes militaires au sud du pays | Bujumbura  News

Kubw-amakuru adushikira , Intara ziriko ziza imbere mw-itangwa ry-ivyo birwanisho akaba ari :Igisagara ca Bujumbura, Bujumbura-Rural, Cibitoke, Bubanza, Kayanza, Rumonge. Abaduhaye amakuru bemeza ko ivyo birwanisho bitangwa mw-ijoro, bikazanwa n-abakora mw- igendereza bahagarikiwe na bamwe mu bajejwe intwaro hamwe n-abari mu mugambwe uri k-ubutegetsi CNDD-FDD. Akarorero ka hagufi ni ako mw-ijoro ryo kuri uyu  wa  gatanu ku kibuga c-umupira w-amaguru ca Komine Buganda, intara ya Cibitoke aho hatanzwe ibirwanisho bigera kuri 18 bigizwe na Kalashinikove, Hamer hamwe na pisitore. Abaronkejwe ivyo birwanisho akaba ari urwaruka rw-imbonerakure  rwo mu ma komine ya Murwi, Buganda hamwe na Rugombo. Kubw-amasoko yacu ava mu ntara ya Cibitoke abandanya avyemeza, ni uko abahoze ku rugamba bo mw-yo ntara basanzwe barahawe kera ivyo birwanisho.

ˮDuheruka kubwirwa ko dutegerezwa kwitegura kurwanira igihugu kuko ibimenyetso nsindamusiga vyerekana ko umwansi yiteguye gutera  birahari. Twasabwe kandi gucunga cane abari mu migambwe itavurwa rumwe na CNDD-FDD cane cane abanywanyi bo mu mugambwe CNL hamwe n-abakukuruke mu gisirikare kuko abo bose vyaramenyekanye ko bama bagize uruhara rwo guha indaro abaroberi bagaca babanyegeza‟ bivurwa n-umwe mu mbonerakure yahawe inkoho atashimye kwivuga izina ku mvo z-umutekano wiwe.

Abanyagihugu bo mw-izo ntara twavuze bamenyesha ko batewe ubwoba cane n-iryo tangwa ry-ibirwanisho ku rwaruka rw-imbonerakure hamwe n-abahoze ku  rugamba. Kubwabo, babona ko inzirakarengane arizo zishobora kugirirwa nabi ziketswe canke zikadodoberezwa  kubera zidasangiye ivyiyumviro bimwe n-umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.