Mu kiganiro aheruka guha umumenyeshamakuru w-iradio Peace FM ijwi ry-urwaruka, umurundi yitwa Aloys Kamenyero aherutse gusaba umwungere wa Ekleziya Gatorika ko yomwemerera akitwa Messiya wa Kabiri havuye Yesu/Yezu Kristo amenyesha ko amahoro hamwe n-iterambere rirama isi ikeneye bizoboneka mu gihe izoba irongowe n-umwami uwo nawe akazoba ari uwo murundi Aloys Kamenyero.
Aloys Kamenyero avuga aheruka kwandikira ikete umunyamabanga mukuru wa ONU , umwungere wa Ekleziya Gatorika Papa Francisco hamwe n-umukuru w-igihugu c-uburundi Perezida Varisito Ndayishimiye, bose yababwira kuvyerekeye ˮubwenisi hamwe n-amahoro‟ .Kubwa Karorero, ngo Leta n- isi yose bikoreshe ifaranga rimwe ,hamwe n- inama shingamateka imwe ihurikiyemwo imigambwe n-amadini vyose , birimwo amoko yose yo mu bihugu vyose. Uwo murundi w-imyaka 60 irenga avuga ko ivyo vyose biri mu buhanuzi bwa Yesaya2: 4 .
Mw-ayo makete aheruka kurungikira abo banyacubahiro bakomeye, Aloys Kamenyero amenyesha ko yiteguriye kuyobora isi mu misi iza. Arongera akavuga ko niyo hakwira kw-isi imiriyaridi zitatu zumva uwo mugambi wiwe , hoca haba amatora kw-isi atunganijwe uku gukirikira: Abakozi bitorere abakuru bu buzi igisata kimwe kimwe ukwaco, Abakuru b-ubuzi bitorere abayobozi ku rwego rw-igihugu basubirire abahora baserukira amashirahamwe mpuzamakungu , Abakozi bo ku rwego rw-ibihugu bitoreremwo abashikiranganji cumi ba Leta y-isi hamwe n-abashingamateka babiri babiri bo mu bihugu bagira inama nshingamateka y-isi. Abo bashikiranganji hamwe n-abo bashingamateka bazoca bamika uwo Aloys Kamenyero abe umwami w-isi mu mwaka wa mbere , ace asubirira umunyamabanga mukuru wa ONU . Leta y-isi azoba arongoye avuga ko izokoresha uburyo buke bubaho agereranije nuko bisanzwe biri kw-isi.