‘Isomero’ ryo mu ntara ya Bubanza ryavugishije abatari bake. Reta nkozi irihe?

0

Abatari bake bariko bagira ico bavuze kw’isomero riri mu ntara ya Bubanza ryaguruwe n’umuyaga gushika yaho reta mvyeyi na nkozi biboneka ko baryibagiye.

Nk’uko biboneka aho hepfo kuri iyo foto, iryo ‘somero’ rikaba ryubakishijwe mu matafari mabisi ubu rikaba risigaye nk’aho ari ikibuga gisanzwe(open space) kuko ata bisakazo canke impome bisigaye biriko.

Iryo ‘somero kandi rikaboneka ko ririko ryigiramwo abanyeshure bariko bariga n’umwigisha imbere y’abanyeshure.

Bikagaragara kandi ko habuze ukwibwiriza kw’abategesi bo mu ntara ya Bubanza bari muri reta yiswe ‘mvyeyi na nkozi’ kugira basanure iryo ‘somero’ maze abana bo Burundi bw’ejo babandanye baronka ubumenyi.

Abihweza ibintu baribaza iyo abanyeshure baca baja iyo imvura iguye kandi bariko bariga.

Mwe mubona reta mvyeyi yogarukira igisata co gusanura amasomero hamwe n’intebe zo kwicarako aho usanga abanyeshure bamwe bamwe bicara hasi canke bakaja kw’ishhure bizaniye udutebe?