Isoko ya Kamenge igiye kwubakwa mu kiringo c’amezi atanu

0

Isoko ya Kamenge igiye kwubakwa mu kiringo c’amezi atanu bifashijwe na reta y’Uburundi.

Mu nteguro yashizwe ahabona, biboneka ko uwuzohagarira iryo sanurwa ry’isoko ya Kamenge ari reta y’Uburundi yonyene mu gukontorora ibokorwa vy’iyubakwa zayo.

Reta y’Uburundi ikaba yari yaciye yiyemeza ko iyo soko iheruka gusha igatokombera igiye gusubira kwubakwa.

Abagiraneza batari baka bakaba baratanze amafarangay’amarundi arenga imiliyaridi zibiri ku bwo gusubira gusanura iyo soko ya Kamenge.

Abanyagisagara ca Bujumbura bavuga kp iyosoko yabahombeje vyinshi kuko yabonekamwo ibintu vyinshi kandi abafise amikoro make baroroherwa kuyisumamwo.