Ubumwe bwa Buraya buvuga ko bwiteguye gusubira kugira imigenderanire myiza n’Uburundi

0

Ubumwe bwa Buraya buvuga ko bwiteguye gusubira kugira imigenderanire myiza n’igihugu c’Uburundi inyuma yo kugira umubonana na Ndayishimiye Evariste.

Mu rwandiko abaserukira Ubumwe bwa Buraya mu Burundi bashize ahabona, Ubumwe bwa Buraya n’amareta abugize barashima ko ivyo gufashanya mu vy’ubutunzi n’Ishirahamwe ry’Ibihugu bivuga igifaransa vyasubiriye gutangura.

Ubumwe bwa buraya kandi burashima kuba Uburundi bwaravuye ku rutonde rw’Inama ijejwe umutekano kw’isi hamwe n’akigoro k’umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye ko kunagura imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ubumwe bwa Buraya.

Abagize iryo shirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya hano mu Burundi bakaba bipfuza ko ukwizerana, kwubahana, ibiganiro vya politike no guhanahana ibijanye n’akaranga vyosubira gutera intambwe hagati y’Uburundi n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya.


Mukamenya ko Ubumwe bwa Buraya bwari bwahagaritse imigenderanire n’Uburundi mu mwaka wa 2015 aho bwagiriza reta y’Uburundi guhonyanga bimwe vyeruye ibijanye n’agateka ka zina muntu.
Iryo shirahamwe rikaba ryahora ritanga imfashanyo y’amahera reta y’Uburundi ikoresha ishika ku bice 52 kw’ijana vy’amafaranga igihugu gikoresha ku mwaka.