UBM News ads

Ishirahamwe PARCEM ribabazwa n-ukuntu amasoko ya Leta atangwa habanje kubamwo ka mwana wa mama.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe PARCEM,  ryishinze gukangurira abarundi guca urwevu hamwe no guhindura ingendo kugira bashike kw-iterambere rirama rimenyesha ko ribabazwa no kubona amasoko ya Leta adatanga umwimbu ushimishije  kuko atangwa habayemwo ka mwana wa mama.Faustin Ndikumana pleased with the release of his PARCEM employees. -  RegionWeek

Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe asigura ko ayo masoko ya Leta kenshi atangwa n-abashikiranganji  ku rwego rw-igihugu canke ba musitanteri ku rwego rw-imitumba, maze agahabwa abantu badafise ubushobozi n-ubuhinga bwo kuvyaza umusaruro  mu migambi baba bashikirijwe kurongora. Hampande y-ivyo, kudatanga umuco  mu burusho bureuriwe inzego zimwe zimwe za Leta ziri mu bituma bamwe bikika mu kiza mukunyonyeza itunga rya Leta.

Uwo arongoye PARCEM asigura ko ivyo biri mu bituma uburundi budashika kw-iterambere nyezina, abanyagihugu bakaguma mu bukene .

Faustin Ndikumana yabivugiye mu kiganiro yahaye abanditsi n-abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane mu gihe buri mwaka kw-igenekerezo rya 9 kigarama amakungu ahimbaza umusi wahariwe kurwanya igiturire.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments