UBM News ads UBM News ads
Thursday, July 25, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Igipolisi kivuga ko cafashe aba CNL biyemerera ko bariko barondera abanywanyi binjira mu muhari FNL wo kwa Aloys Nzabampema.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Igipolisi c-uburundi kimenyesha ko cafashe abanywanyi b-umugambwe CNL biyemerera ko bariko barondera abanywanyi binjira mu muhari w-abarwanyi barongowe na Aloys Nzabampema. Umuvugizi w-igipolisi c-uburundi Desiré Nduwimana avugako ababa binjiye mu mirwi y-abarwanyi aribo abanyepolitike hamwe n-abaharanira agateka kazina muntu bahava bagaruka bagatangaza ko baba banyurujwe bakaburwa irengero.National Congress for Liberty - Wikipedia

Umuvugizi w-igipolisi c-uburundi yarerekanye kuri uyu wa kane kuri radiyo n-imboneshakure vy-igihugu RTNB abantu avuga ko ari abanywanyi b-umugambwe CNL biyemerera ko aribo barondera abanywanyi baja mu murwi w-abarwanyi ba FNL urongowe na Aloys Nzabampema. Ababa binjiye mw-uwo muhari ngo ninabo baheza bakavurwa ko babuzwe  irengero.

«kugira uze kuba umunywanyi b-umuhari urwana witwa FNL w-uwitwa Aloys Nzabampema bavuga yuko utegerezwa kuba ubwa mbere uri umunywanyi w-umugambwe CNL,…» Niko Desiré Nduwimana yasiguye kuri RTNB.

Kubwa Pacifique Nininahazwe , umwe mubaharanira agateka kazina muntu arongoye isekeza NDONDEZA, rijejwe gutabariza ababa babuzwe irengero babanje gufatwa n-abo mu nzego z-umutekano , amenyesha ko ashima ko igipolisi cerekanye abo bantu bakiri bazima akanagirako anamenyesha ko igipolisi arico cica canke kigakiza ngo kuko arico gifata ingingo y-abo cerekana hamwe n-abo kiterekana.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments