Mw’ikete ryiwe umunyabanga mukuru w’isharahamwe w’umupira w’amaguru muri Afrika ariyo CAF, Amr Fahmy, yandikiye mugenziwe w’Uburundi, Jérémie Manirakiza, umunyamabanga mukuru w’umupira w’amaguru mu Burundi ariyo FFB, yamumenyesheje ko iryo shirahamwe ryo mu Burundi ryakoze amakosa mu kwerekana umupira w’amaguru wahuza Uburundi na Gabon kuri televisiyo y’igihugu RTNB itariki 23 ntwarante.

Amr Fahmy amenyesha ko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ritegerezwa kuriha amadorari angana ibihumbi 10 vy’amande kuko iyo match yariyaguzwe na CANAL + na SuperSport zikorana na AZAM TV, ati nibo bonyene bari bafise uruhisha gwo kwerekana iyo match. Radiyo na terevisiyo vy’Uburundi navyo vyakoranye na Startime bakoresheje CANAL + ataruhusha bafise gwo kwerekana iyo match.
Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FFB mu Burundi, Réverien Ndikuriyo, akaba nawe yaciye yandika kurubuga ngurukana bumenyi rwiwe rwa facebook ko bagerageje kubuza za caméra zitemerewe kwerekana uwo mupira, ati amatohoza nakorwe muri RTNB barondere uwufise uruhara mu kwerekana uwo mupira kandi ataruhusha rwa CAF yarafise.
Abakurikiranye urwo rukino nabo kuri RTNB bagatangazwa ingene batashobora gukwirikirana umupira kandi ari igihugu cabo kiriko kirakina.





Recent Comments