Abariha ikori baracari benshi muri mairie ya Bujumbura

0

Imirongo y’abaje kuriha ikori y’amazu mur’uno mwaka muri mairie ya Bujumbura iracibonekeza ku biro vya mairie ya Bujumbura. Ikiringo co gutanga iryo kori kikaba caheranye no kur’uyu wa gatandatu itariki 29 ntwarante. Abatangakori imyidogo ikaba ari myinshi ko batashoboye kwakirwa kandi bari baje mu kiringo gitegekanijwe n’amategeko.

Jean Marie Mucomwiza, arongoye igisata co kwandika mu machine abatangakori, amenyesha ko hari ingingo zafashwe kugira abatangakori bohoroherezwe kuritanga aho ni nko kwongereza amasaha y’akazi ahou bu ibiro vy’abakira abatangakori bizokwugara isaha zibiri z’ijoro mu gihe vyahora vyugara isaha cumi n’imwe zo kumugoroba.

Jean Marie Mucomwiza akaba amenyesha ko abacerewe kuriha ikori bazocibwa amande nkuko vyanditswe mu mategeko yo gutanga ikori. Ariko Jean Marie Mucowintore avuga ko abatanze amadosiye yabo ku musi wanyuma wo gutanga ikori ariwo wa gatandatu uheze abo atamande bazotangishwa. Abacerewe ukwezi kumwe bakazorihishwa amande y’ibice 10 kw’ijana y’amahera bari gutanga.