Ishirahamwe BRARUDI risabwa kushorera hanze ibinyobwa vyaryo kugira haboneke amahera y-agaciro Leta ikoresha.

0

M-urugendo yakoreye mw-ishirahamwe BRARUDI kuwa 11 Ntwarante, umushikiranganji wa mbere Alain- Guillaume Bunyoni yasavye ko iryo shirahamwe ryoshorera hanze y-igihugu kugira haboneke amafaranga y-agaciro yoza asahiriza Leta ni mugihe ayo mafaranga asigaye ari nk-umuzi w-ibuye mw-ibanki nkuru y-igihugu BRB.Burundi: Abakozi b'ihinguriro ry'inzoga Brarudi bagabisha ko bagiye  guhagarika akazi - BBC News Gahuza

Kubw-amakuru aturuka mw-iryo shirahamwe, ako kamo ko kushorera hanze y-igihugu ibinyobwa bimwe bimwe kahavuye kitabwa na BRARUDI aho ngo abarwizatunga b-abakongomani basigaye bishikira kurangura ikinyobwa ca AMSTEL mw-iryo shirahamwe aho ngo ico kinyobwa kisigaye cakenye cane mu gihugu.Biravurwa ko igisata kijejwe kurungika inzoga mu gihugu kibanyi ca kongo cashamaze gushirwaho mw-iryo shirahamwe aho ngo k-umusi ikamyo imwe ija muri kongo yuzuye amakaziya ya Amstel yinjiza amadorari y-abanyamerika ibihumbi birenga cumi na bitatu atakori ririmwo.

Amakuru ava muri BRARUDI Yemeza  kandi ko ibanki nkuru y-igihugu yahaye uruhusha iryo shirahamwe kwakira amafaranga y-agaciro atanzwe n-abo barwizatunga b-abakongomani.

Tubibutse ko ishirahamwe BRARUDI rigizwe n-abanyamitahe babiri , uwambere ni ishirahamwe mpuzamakungu HEINEKEN rifisemwo ibice 60 kw-ijana  uwakabiri akaba Leta y-uburundi ikagira ibice 40 kw-ijana.

Twobamenyesha ko ikibazo kiturutse kw-ikena ry-amahera y-agaciro bita ˮdevise‟ kimaze igihe mu Burundi bikaba vyunyuwe n-intureka za politike zashikiye igihugu kuva mu mwaka w-2015 aho ibihugu rutura nk-ubumwe bwa buraya vyahora bifasha uburundi vyaciye bifatira ibihano vy-ubutunzi ico gihugu biboneka ko bizoza bigora Leta y-uburundi kurangura imigambi yayo mu gihe hazoba hakibuze ayo mafaranga mvamakungu.