Impunzi zitahutse zivuye mugihugu c’Urwanda ziherekejwe na Filippo Grandi ahagarariye UNHCR .

0

Filippo Grandi ahagarariye ishami rya UN rishinzwe impunzi kw’ isi uyu munsi kuwa 27/04/2021 yishikiye i Burundi aho yajabutse umupaka w’u Rwanda n’u Burundi ari kumwe n’impunzi z’Abarundi zitahutse.

Mr Grandi amaze iminsi mu rugendo muri DR Congo no mu Rwanda, ubu akaba arubandanirije mu Burundi aho ariko araraba ibibazo vyugarije impunzi, nk’uko UNHCR ibivuga.

Madamu Elise Villechalane, umuvugizi wa UNHCR mu Rwanda, yabwiye BBC ko Filippo Grandi uyu munsi yagendanye n’impunzi 159 z’Abarundi zivuye mu nkambi ya Mahama zitahutse.

Mu masaha ya saa sita ku mupaka wa Gasenyi – Nemba, aba Barundi batahutse hamwe n’uwo mushitsi bakiriwe n’abategetsi b’u Burundi barimwo minisitre ajejwe umutekano Gervais Ndirakobuca.

Impunzi z’Abarundi n’Abanyekongo ziri mu Rwanda zivuga ko zugarijwe n’inzara kubera igabanuka rya 60% ku mafaranga yo kubatunga bahabwa ku kwezi.

Benshi muri izi mpunzi bari biteze kumva inyishu mu rugendi rwa Filippo Grandi mu Rwanda, gusa ishami rya ONU rishinzwe ibiribwa – ribaha iyo mfashanyo, rivuga ko rikiriko rirarondera imfashanyo y’amahanga ngo imfashanyo impunzi zironka iduzwe.

Kugez’uyu munsi Impunzi z’Abarundi zirenga 23,000 zimaze gutahuka kuva mu kwezi kwa munani 2020.