Franck G80:Ndi mu gikoni vuba ndabafungurira

0

Nyuma yo kumenyesha abakuzi biwe ko agarutse ari wawundi nyene yigeze gukundwa n’abantu benshi bivanye n’akazi akora,Franck G80 yakoze indirimbo iryoshe cane,indirimbo igiye kubica bigacika mu muziki ndundi nkuko umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru ubmnews yashoboye kuvyibonera igihe yamusanga uyo muririmvyi mu nzu ihinyanyura indirimbo ya Master Muzik ku muhinyanyuzi Masterland

franck
Franck G80 akaba yashoboye kwiganira ikinyamakuru cacu ubmnews ko indirimbo ariko arakora yizeye ko izomusubiza kuma sigise yigeze kugira igihe aririmba Mbe mukunda iki,n’izindi ndirimbo ziwe zakunzwe cane
Franck G80 akaba atashimye kutubwira uko iyo ndirimbo yitwa ariko akaba yatumenyesheje ko vuba igiye gusohoka abantu bagatangura kuyumviriza mu masamirizi no kuyitamba kuko ari indirimbo itambika

Ku batazi Franck G80 raba hano imwe mu ndirimbo ziwe: