Iradiyo CCIB FM+ Yahagaritswe Bivanye N’Ikiganiro Caciye Kuri Iyo Radiyo.

0

Ikigo kijejwe kuraba uko ibinyamakuru bikora mu Burundi( Conseil National de Communication, CNC), cafashe ingingo yo guhagarika iradiyo yasamiranira mu gisagagara ca Bujumbura kubera ikiganiro caciye kuri iyo Radiyo cabonetse ko carenze ku ngingo ngenderwako z’ukumenyesha amakuru.

Iyo ngingo ikaba yagiye mu ngiro kuva ku wa 02 gitugutu 2017. Iradiyo CCIB FM+ siyo yonyene ihuye nivyo bihano vya CNC, mbere nayandi maradiyo nka Bonesha FM, RPA, Radiyo Tele Renaissance asanzwe yarahagaritswe kubera harenze ikiringo c’amezi atatu CNC yari yayahaye kugira abe yatunganije ivyo yasabwa n’ico kigo.

Aime-Divine Niyokwizigirwa, umuvugizi akongera akaba icegera c’umukuru w’ikigo CNC, yamenyesheje ko iyo Radiyo CCIB FM+ yahagaritswe kubera ‘ yarenze ku ngigo zigenga kumenyesha amakuru co kimwe nayandi maradiyo yahagaritswe’.

Ku bw’uwurongoye iradiyo CCIB FM+, Eddy Claude Nininahazwe, abona ko iyo ngingo ije ari akarenganyo kuko nkuko abivuga iyo radiyo yariko isamiriza ikiganiro kivuga ubuzima bw’abantu muri rusangi. Akaba yamenyesheje ko ‘hariko hasamirana ikiganiro kivuga ku bwicanyi buheruka guhitana Abarundi mu gihugu ca Kongo mu gace ka Kamamyola, aho abashika 38 bishwe’. Eddy Claude Nininahazwe akaba yamenyesheje ko ibivugwa mu bimenyeshamakuru atari ivyubutunzi gusa, ariko kandi ko n’ ‘ibijanye n’ubuzima bw’abantu na cane cane kazoza kejo bikwiye kwitabwaho’.

Innocent Muhozi , arongoye Iradiyo Tele Renaissance akaba nawe yamenyesheje ko iyo ngingo ya CNC itamutangaje kubera ko n’ayandi maradiyo nkayo yamaze gufatirwa iyo ngingo. Muhozi Akaba yamenyesheje ko iyo ngingo ije mu ntumbero yo kubandanya ihonyanga agateka ko kumenyesha amakuru mu Burundi.