Impunzi Z’abarundi Ziri mu Nkambi ya Lusenda Zirabangamiwe.

0

Nkuko igisodo ca Kongo cabimenyesheje biciye mu kiganiro caciye kw’iradiyo isamiranira mu gihugu ca Republika iharanira demokrasi ya Kongo, impunzi z’Abarundi zahungiye mu nkambi ya Lusenda iri mu buseruko bwa Kongo zirabangamiwe kubera ikibazo c’aba Mai-Mai kibandanya gitera impungenge mu duce duhana imbibe niyo nkambi.

Inyuma y’aho uwo mugwi waba Mai-Mai uherewe amasaha 48 ube wamaze kwishikana( ayaheze ejo ku musi wa mbere), uwurongoye uyo mugwi Yakutumba akaba yamenyesheje ko atavyo kwishikana, ko azobandanya gushitsa ashitse ku mugambbi wiwe.

Umutegetsi akomeye mu gisirikare ca Kongo akaba yabimenyesheje kuri uyu musi wa kabiri ko impunzi ziri mu nkambi y’impunzi y’Abarundi i Lusenda ziri mu kaga. Akaba yabimenyesheje mu gihe yarungikwa na Leta y’i kinshassa kwishikira i Uvira kwirabira uko ibintu vyifashe yongere atunganye ibijanye no kurwanya umwansi mwako karere.

Uyo mutegetsi mu gisirrikare Ca kongo wewe akabona mbere vyoba vyiza izo mpunzi zimuriwe mu kindi kibanza kiri kure cane y’umupaka Kongo ihana n’Uburundi kubera imigwano imaze imisi ibera mu micungararo y’ikiyaga Tanganyika, iyabera mbere nko ku bilometero 10 uvuye aho iyo kambi iri kubera izo mpunzi ‘ziri mukaga gakomeye’, nkuko yabimenyesheje.

Igisirikare ca kongo FARDC coco kikamenyesha ko camaze kwirukana uyo mugwi w’abagwanyi waba Mai-Mai wari wamaze kwigarurira agace ka Mboko hamwe n’utundi turere twa Uvira.