Iyo ngingo yo guhagarika iyo nzoga y-urwarwa ikaba yafashwe n-umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu Gervais Ndirakobuca. Ni inyuma yaho bibonekeye ko isuku mu bibanza biyidandarizwamwo ridashemeye.
Umushikiranganji Gervais Ndirakobuca amenyesha ko kuba izo nzoga zidandarizwa ahantu hatarimwa ibitoke bituma abazicuruza bikika mu kiza mu kwongeramwo ibindi bintu kugira bigarure amahera bakoresheje mu kuzishikana mu gisagara ca Bujumbura, ivyo navyo bikaza kubangamira amagara y-abazihereza.
Abo bacuruza izo nzoga mu gisagara ca Bujumbura bakaba bahawe n-umushikranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu ikiringo c-indwi zibiri kugira baje gukorera hagati mu gihugu hasanzwe harimwa ibitoke kugira ntibasubire kuza barakora izo nzoga mu buryo butosekaza amagara y-abantu.





Recent Comments