Komine Kirundo yoba yinjiye mu bihe bidasanzwe nk-ivy-igihugu kiri mu ntambara?

0

Kuva kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 2 Ruheshi uy-umwaka,haheruka gufatwa muri komine Kirundo ingingo zitari nke kandi zikomakomeye mu nama y-umutekano yagirishijwe na buramutari wa Kirundo. Kirundo : vers l'accalmie politique – IWACU

Abanyagihugu batari bake bo mw-iyo komine ya Kirundo baribaza nyimba ikomine yabo yoba yinjiye mu bihe vyo mu ntambara bafatiye k-uburemere bw-ingingo baheruka gufatirwa na buramatari. Baranavuga ko ubutunzi bugiye kusubira inyuma cane mw-iyo komine hamwe iyo ngingo itosubirwamwo .

Mw-izo ngingo zafashwe abo banyagihugu bavuga ko zije kubabohera amaboko I mugongo n-izi : kubonana ari abantu benshi birahagaritswe, isokp na parking bibe vyugawe kuhera isaha cumi na zibiri z-umugoroba, abantu ko boba bamaze gutaha inyuma y-isaha cumi na zibiri z-umugoroba hama abajejwe umutekano bakaba batanguye gukizura, Abasegerereza ntibemerewe kusubira kuboneka,Nta pikipiki yemerewe gutembera inyuma ya sa moya z-ijoro, ubunywero bwugurure ku misi y-imirimo kuva sa cenda hama sa sita ku misi ya week end ariko bwose bube bwugawe isaha zitatu zijoro, Nta miziki izosubira kuvuzwa inyuma ya sakumi na zibiri z-umugoroba, Kwandika ingenzi zose mu bitabo vyabigenewe ku mutumba  no kwandika abahunguka ku mutumba ku mutumba, Abari muri comite mixte de securite batangure kurikanura mukurarira abanyagihugu ndetse babanguke gutabara umutekano uhungabanye, Amazu yose afise umuyagankuba bashireko amatara amurika kure,…

Buramatari w-intara ya Kirundo Albert Hatungimana amenyesha ko ibitero vya gerenade biheruka kukorwa mu gisagara ca Bujumbura  n-abantu batamenyekanye  eka ndetse n-ibindi bitero bimaze gukorwa  mu ntara za Muramvya na Mwaro vyotuma intara arongoye itokwijajara nayone.