Inzoga y-ibitoke benshi bita ˮurwarwa‟ yahagaritswe gucuruzwa mu gisagara ca Bujumbura.

0

Iyo ngingo yo guhagarika iyo nzoga y-urwarwa ikaba  yafashwe n-umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu Gervais Ndirakobuca. Ni  inyuma yaho bibonekeye ko isuku mu bibanza biyidandarizwamwo ridashemeye.May be an image of one or more people

Umushikiranganji Gervais Ndirakobuca  amenyesha ko kuba izo nzoga zidandarizwa ahantu hatarimwa ibitoke bituma abazicuruza bikika mu kiza mu kwongeramwo ibindi bintu kugira bigarure amahera bakoresheje mu kuzishikana mu gisagara ca Bujumbura, ivyo navyo bikaza kubangamira amagara y-abazihereza.

Abo bacuruza izo nzoga mu gisagara ca Bujumbura bakaba bahawe n-umushikranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu  ikiringo c-indwi zibiri kugira baje gukorera hagati mu gihugu hasanzwe harimwa ibitoke kugira ntibasubire kuza barakora izo nzoga mu buryo butosekaza amagara y-abantu.