Inyuma yo kuvurwa ko yahunze ,Agathon Rwasa yamaze gushika iBujumbura :raba hano amafoto

0

Agathon Rwasa ,umushingamateka yatowe muntara ya Ngozi imwe muntara zigize uburaruko bw’uBurundi ,inyuma yo kuvurwa ko yoba yahunze igihugu agahungira muri Afrika yepfo kubera umutekano muke urangwa mu Burundi kandi kwatinya kugandagurwa,RWASA Agathon yongeye kugaruka iBujumbura nkuko yari yavyivugiye ejo kunsamirizi ya BBC gahuza miryango.

rwasa

Rwasa Agathon umukuru w’umugabwe wa FNL ,akongera akaba icegera cambere c’umukuru w’inama nshingamateka y’uBurundi akaba aje ava mu gihugu ca Afrika yepfo aho avuye munama yari yahuje abaserukira inama nshingamateka mubihugu vyabo mugihugu ca Afrika yepfo .

agathon rwasa

UBM News tubibutse ko agarutse inyuma yo kumenyesha ko atarota yongera kwitwa impunzi ,ivyo akaba yabivuze ejo kumugoroba igihe yagira afate indege imushikana iBujumbura.