Inyuma y’Indwi Imwe Igitoro Kibonetse, Hasubiye Kwibonekeza Ubukene Bw’Igitoro Mu Gisagara Ca Bujumbura.

0

Ubukene bw’igitoro co mu bwoko bwa Essence bwasubiriye kwibonekeza muri iyi ndwi dutanguye itariki 29 Rusama 2017. Utemebereye ku ma stations amwe amwe y’ibitoro, ama stock yavyo yatanguye gukama kuva mu mpera z’indwi turangije. Birashika abanyonga imiduga bagatemberera ama stations nk’atanu ariko ntibaronke igitoro.

Kuva ejo ku musi wa Mbere itariki 29 Rusama 2017, haribonekeza imirongo miremire y’abatonze barindiye ko boronka na gikeyi. Ukwihebura ku banyonga amamodokari n’amapikipiki ni kwinshi ku bakenera gose igitoro kugira bashobore kuronka ibibabeshaho.

Bamwe ngo “Nupfe Nkire” ntibabeshe. Abahungukira muri ubu bukene bw’igitoro bobo ntibabura. Kugira uronswe ico gitoro ku ma stations menshi bisabwa ko ubanza gutanga amafaranga ku bapolisi n’abagitanga ku ma stations( Pompistes).Nkuko bamwe mu banyonga imiduga n’amapikipiki bavyidoga, abo bapolisi n’abo ba pompistes baca bashira imbere uyo muntu atanze amafaranga hama akaronswa igitoro ashaka. Igitigiri c’amafaranga atangwa kiravana n’igitoro uwunyonga umuduga au ipikipiki akeneye uko kingana, nkuko babandanya bavyidoga.

Iyo uciye ku ma stations y’ibitoro mu Gisagara ca Bujumbura, usanga hari imirongo miremire nk’uku y’imiduga.

Nkuko aba chauffeurs bamwe bamwe bavyidoga, abapolisi hamwe nabatanga ico gitoro bariko bahungukira muri ubu bukene bw’igitoro bumaze hafi ukwezi. Bavuga ko uyo mupolisi aba ari aho kw’I station canke uwo atanga igitoro ashobora gutahana amafaranga ashika 100 000 fbu ku musi.

Ikindi cibonekeza ku ma stations mu gisagara ca Bujumbura n’imishwano usanga ihari hagati y’abapolisi n’abaje kurondera ico gitoro, aho usanga benshi bidoga ko barenganywa n’ababa batatonze ariko bagashika baronka, mu gihe abandi baba bahamaze umwanya batararonka igitoro.

Hari n’abagura ico gitoro ku bwinshi hama bakaza kukidandaza ahandi kw’ilitiro amafaranga ashika ku 7000 fbu mu gihe ilitiro isanzwe igurwa 2200 fbu, nkuko vyemezwa n’abanyonga imiduga n’amapikipiki bamwe bamwe.