Abasoda Bo Ku Rwego Rwo Hejuru Babandanya Batoroka Igisoda C’Uburundi Nk’Uko Ibiro Vy’Umukuru w’Igihugu Vyabigaragaje.

0

Mw’itegeko inomero 100/107 ryasinywe n’Umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza itariki 26 Rusama 2017, abasirikare 23 harimwo aba Officiers babiri bafuswe mu Gisirikare c’Uburundi bagirizwa kuba baratorotse igisirikare c’Uburundi FDN( Force De Defense Nationale).

Muri abo basirikare bafuswe mu gisoda c’Uburundi, harimwo kandi aba Officiers cumi bafise ipete rya Major hamwe naba Capitaines batanu. Abo ba Officiers bafuswe mu gisoda c’Uburundi benshi muri bo bakaba bari mu Buhungiro kuva habaye igeragezwa ryo guhirika Ubutegetsi ku wa 13 Rusama 2015.

Pierre Nkurunziza, Umukuru w’Igihugu c’Uburundi

Ku wa 24 Munyonyo 2016, abandi basirikare bo ku rwego rwo hejuru bo mu Gisoda c’Uburundi barafuswe harimwo General Major Cyrille NDAYIRUKIYE babaye aba mbere mu gufutwa mu Gisoda c’Uburundi n’Intwaro y’i Bujumbura. Bakaba bagirizwa kuba baragize uruhara mw’igeragezwa ryo guhirika ubutegetsi ku wa 13 rusama 2015. Abashika cumi muri bo bakaba ubu bafungiwe mu gasho mu Ntara ya Gitega.

Nkuko bamwe mu Gisirikare c’Uburundi babivuga, abasirikare batoroka igisoda c’Uburundi bararenga ico gitigiri cashizwe ahabona n’umukuru w’igihugu. Ivyo biri uko mu gihe abategetsi b’Uburundi badasiba kuvuga ko « amahoro n’umutekano bikwiye hose mu gihugu c’Uburundi ».
Ariko ukwo gutoroka igisoda ku basirikare bamwe bamwe bitegerezwa kuba bitera ubwoba intwaro y’i Bujumbura naho bivugwa ko amahoro n’Umutekano vyasasagaye hose mu Gihugu
.