UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

Inyuma ya Miss Erica, umuririmvyi Sam Overmix azwi mu ndirimbo ya ‘Kiradodora’ nawene yashengeye.

Umuziki w’uburundi uriko uhura n’ibihe bikomeye kuva mw’iy’indwi turiko tusozera. Inyuma y’urupfu rwababaje benshi rw’umuririmvyi kazi Miss Erica, Inararibonye mu muziki w’uburundi Sam overmix azwi cane mu ndirimbo ‘Kiradodora’ nawene yaraye ashengeye kuri uyu wa gatandatu.

Sam Overmix yarazwi no ku ndirimbo ya ‘Nyegera’ yari yaririmbanye n’umuririmvyi Yacouba, yitavye Imana inyuma y’indwara yaramaranye igihe gito. Kuri uyu wa kane w’iy’indwi turiko tusozera, niho hamenyekana inkuru ibabaje mu muziki ndundi ijanye n’urupfu rwa Miss Erica, uwo muririmvyikazi yarazwi cane mu muziki ndundi ,akaba yapfiriye mu bitaro BUMEREC aho yararwariye.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments