UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

Bob Rugurika ati mu makuru dufise n’uko abasirikare b’uburundi barenga 300 bamaze gupfira mu ntambara zibahuza na M23.

Uwurongoye iradiyo RPA ikorera mu buhungiro, Bob Rugurika avuga ko afise amakuru yahawe na bamwe mu basirikare b’uburundi bari kurwanya umuhari M23 mu ntara ya Kivu y’uburaruko aho ngo basirikare b’uburundi barenga 300 bamaze gupfa kuva hadutse intambara zihuza urunani rw’igisirikare ca Congo harimwo n’ic’uburundi mu kurwanya umuhari M23 mu ntara ya Kivu y’uburaruko, ni mu buseruko bwa Congo.

Mu kiganiro ‘IJAMBO NI RWAWE’ ca radiyo RPA cabaye kuri uyu wa 19 Munyonyo 2023, Bob Rugurika yagize ati :«Jewe hariho abasirikare turiko turavugana bari hariya muri Congo, aho hariho abemeza yuko hari abasirikare barenga 300 bo bavuga bati ntidushaka kurenza urugero mugabo hariho abasirikare barenga 300 bamaze kutuvamwo, bamaze kurwa mw’iz’intambara. Amakuru rero dufise, bahambwa mu binogo no mu mashamba , mu binogo rusangi no mu mashamba ya hariya muri Congo »

Mw’iy’indwi twasozereye, Umuhari M23 warerekanye imyidondoro y’abasirikare batatu b’uburundi bafashwe n’uwo muhari mu ntango z’uku kwezi kwa Munyonyo hari mu ntambara zikaze zabereye mu teritwari ya Masisi. M23 ikaba yemeje ko hari abasirikare b’uburundi batari bake yishe hamwe n’abandi yafashe mpiri ndetse ko igiye kubandanya iberekana mu ntumbero ngo yokwereka amakungu ko Leta y’uburundi yinjiyemwo nayone mw’iyo ntambara ihuza uwo muhari na Leta ya Congo.

Yaba Leta y’uburundi canke igisirikare cayo ntaco birashima kugira ico bivuze kw’abo basirikare bayo bafashwe mpiri canke bishwe n’umuhari M23 mu mirwano iheruka kubahuza mu teritwari ya Masisi mu ntara ya kivu ya Ruguru hari mu ntango z’uku kwezi turimwo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments