UBM News ads UBM News ads
Thursday, April 18, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Agathon RWASA yahagaritswe kurongora CNL n’abo yaheruka kwirukana mu biro bikuru vy’uwo mugambwe.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umurwi w’abanywanyi b’umugambwe CNL baheruka kwirukanwa mu biro bikuru vy’uyo mugambwe bamenyesheje kuri uyu wa kabiri ko bafashe ingingo yo guhagarika Agathon RWASA mu mabanga yo kurongora umugambwe CNL n’ukuwuserukira imbere y’amategeko.

Mw’itangazo uwo murwi ugizwe n’abashingamateka 10 batowe muri CNL basohoye, bagiriza RWASA amakosa ndenzarugero agaragarira mu kurementaniriza inzego z’umugambwe no kuzicanishamwo , kurenga amategeko y’umugambwe nay’igihugu no kunyuruza amafaranga no kwihagira amatungo y’umugambwe.

Mw’iryo tangazo ryasomwe na Térence Manirambona, bavuga ko urwego nshingwabikorwa rurongowe n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe arirwo rwotunganya inama rukokoma mu ntumbero yo gusubiriza Agathon RWASA .

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments