Intererano y’amatora yarahagaritswe ariko hari izindi ntererano zigitozwa…

0

Mu gihe umukuru w’igihugu yahagaritse ibikorwa vyo gutoza intererano y’amatora ya 2020, mu gisagara ca Bujumbura mbere an hamwe hamwe mu gihugu hagati, hariko hibonekeza abantu bamwe bamwe babandanya baka izindi ntererano.

Umunyagihugu atashatse kwivuga izina yavuze ko mu ma kartiye amwe amwe mu gisagara ca bujumbura hari abantu baza biyutirira umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD maze bagasaba amafaranga ku bw’interearano y’uwo mugambwe.

Uwo munyagihugu yamenyesheje ko ‘baza bavuga ko naho intererano y’amatora yahagaritswe gutozwa n’umukuru w’igihugu, ubu naho CNDD-FDD ishaka kwisuganya kugira yutegurire neza amatora ya 2020’.

Iyo ntererano ikaba yakwa uwariwe wese naho yoba atari mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

Umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu ariyamiriza izo ntereraznoz zibandanya zakwa Abarundi kandi basanzwe bari mu bukene butegira izina muri iyi misi.

Mwomenya ko umukuru w’igihugu yameyesheje ko intererano y’amatora ya 2020 yahagaritswe gutozwa.