Intamba Mu Rugamba(u20) 0-1 Nigeria(u20)

0

Umugwi nerukira gihugu w’uburundi Intamba mu rugamba zabatrangeje imyaka 20 uhejeje gutakaza urukino rwabo rwabahuza n’umugwi nserukira gihugu wa Nigeria wabatarengeje imyaka 20,mu rukino ruhejeje kubera ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore
intamba mu rugamba zihejeje gutakaza urukino rwabahuza na Nigeria
Muri urwo rukino rero ruhejeje kuba umugwi nserukira gihugu w’uburundi ukabawarushijwe nuyo mugwi wa Nigeria kuko umwanya munini umupira waguma mu maguru y’abakinyi ba Nigeria
Igice ca mbere caje kurangira imigwi yose inganya 0-0,
Bagarutse mu kibuga niho Nigeria bashoboye kuronka amahigwe yo gushiramwo igitsindo cabo ca mbere baca bagishiramwo vyoroshe cane

Umugwi nserukira gihugu w’uburundi ukaba wagerageje ibishoboka vyose ngo ugombore ico gitsindo ariko bibata kuwamazi
imbere yuko urukino rutangura
Tworangiza tubamenyesha ko Umugwi Nserukira gihugu w’uburundi wabatarengeje imyaka 20 usanzwe umenyerezwa na Omar Ntakagero,umumenyereza w’umugwi wa Bujumbura City