Umukate waduze cane mu maboutike m’Uburundi

0

Umukate bita pain coupé wahora ugurwa ibihumbi bibiri ubu ugurwa 2600 canke 2400 uwagurwa 1000 nawo ubu ugurwa 1200. Imikate bita baguette nayo ikaba nayo yaduze igiciro m’Uburundi ikava ku mafaranga 700 ija kumafaranga 800 canke 900. Abakora ibitumbura nabo baridoga kwatanyungu babona ivamwo kuko ifarini yaduze igiciro abafungura ivyo bitumbura nabo bakaba atamikoro menshi bafise.

Abavyeyi bafise abana bakaba bafise ingorane yo kurungika abana babafunguriye bikwiye kuko umukate waduze igiciro nabo amikoro bafise ataduga. Abana bakaba bategerezwa gufungura imikate kabiri kumusi mu gatondo no kumugoroba ugaca ushirako n’isukari n’icayi harimwo n’amata kubifise. Ishashe yo gutekeramwo nayo nyene ikaba yaraduze kuva aho Let aya Gitega iburije amashashe akozwe muri plastique.

Ubushikiranganji bw’ubudandaji n’amahinguriro bukaba ataco buravuga kuriryo duga ry’ibiciro ry’umukate riteye ibibazo mu miryango.