Inkuru nziza ku banyagihugu bo mu ntara ya Gitega

0

Reta y’Uburundi yemeje kuri uwu wa gatanu integuro y’itegeko rivuga ko intara ya Gitega ibaye umurwa mukuru wa poritike.

Kuva ubu, inama nshikiranganji zizohora zibera mu ntara ya Gitega, mbere hakaba hari n’abashikiranganji batanu bagiye kwimukira i Gitega, bakorereyo kuva mu ntango z’umwaka w’2019, nk’uko vyemezwa na Jean Claude KARERWA NDENZAKO, umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Mu nama yagiranye n’abajejwe intwaro kuva ku mutumba gushika ku rwego rw’intara ya Gitega, mu kwezi kwa Ruheshi 2016, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE yari yamenyesheje ko igisagara ca Gitega kigiye kuba umurwa mukuru wa poritike mu Burundi.

Uwo mushikiranganji yari yakoranije abajejwe intwaro kugira barabire hamwe ivyobanza gukorwa.

Imvugo yabaye ingiro kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 21 Kigarama 2018, kuko Reta y’Uburundi yateye umukono kw’itegeko ryemeza ko intara ya Gitega ibaye umurwa mukuru wa poritike. Kuva ubu, inama nshingamateka, inama nkenguzamateka hamwe n’ubushikiranganji bumwe bumwe bikaba bizoca biduga gukorera mu ntara ya Gitega.

Umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE yasiguriye abajejwe intwaro ko uwo mugambi ari nkenerwa kubera igisagara ca Gitega kiriko kiraguka, iyo ntara ikaba iri hagati mu gihugu, ibizotuma abantu bakenera abategetsi bamwe bamwe biborohera kubashikira, aho akaba ari mu gihe bahora barinda kubasanga i Bujumbura, ababakeneye bose rero bakazohurira hagati i Gitega.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here