Ingoro nshansha y’Umukuru w’igihugu yatanguye gukorerwamwo

0

Kur’uyu wa gatatu niho haba inama ya mbere y’abashikiranganji barongowe n’umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza. Iyo nama ikaba yabereye mu ngoro nshansha y’umukuru w’igihugu iri mu Gasenyi muri komine Mutimbuzi. Integuro z’amategeko ashika 16 akaba ariyo yizwe harimwo itegeko rigenga ingene amafaranga ya leta azokoreshwa.

Iyo ngoro ikaba yari yashikirijwe n’igihugu c’Ubuchinois itariki 14 ruhuhuma aho ico gihugu c’Ubuchinois cari kimaze imyaka ibiri ni nusu kiriko kirubaga iyo nyubakwa iri mu kibanza kingana n’amahegitare 40. Iyo nyubakwa ikaba yatwaye amafaranga angana imiriyoni 150 z’amahera y’amachinois angana n’imiriyoni 22 z’amahera y’abanyamerika. Iyo nyubakwa ikaba ingana incuro zine inyubakwa yahora ikoregwamwo inama nshikiranganji iri muri zone Rohero muri mairie ya Bujumbura.

Mwomenya ko hari havuzwe ko hazoca hakorwa ibarabara rica Ibubanza riserukira mu ntara ya Muramvya kugira imiduga yahora ica kw’ibarabara numero ya mbere y’igihugu ica hejuru yiyo ngoro nshansha icemwo imiduga mike. Ariko iyo ngoro yabaye irakoregwamwo ayo mabarabara ataracibwa.