Abigeme baheruka kurekurwa vy’agateganyo birukanwe burundu mw’ishure.

3

Abigeme bagirizwa kuba barasibanganije isanamu y’umukuru w’igihugu kandi bakaba bari baherutse kurekurwa vy’agateganyo, bafatiwe ingingo yo kwirukanwa burundu n’ubuyobOzi bw’ishure bigako mu ntara ya Kirundo.

Abo bigeme bakaba bari bafungiwe i Ngozi ariko baza kurekurwa amakungu abanje gusemerera maze umushikiranganji w’ubutungane aramenyesha ko abo bigeme ‘barekuwe ivy’agateganyo’.

Abo bigeme birukanwe burundu mu mashure(renvoi définitif) ntibemerewe gusubira kwiga na hamwe mu Burundi.

Abaharanira agateka ka zina muntu bakaba basaba ko abo bigeme borenganurwa maze bakabona ko ari ihohotera ry’agateka ka zina muntu kuri abo bigeme maze bagasubizwa mw’ishure.

3 COMMENTS

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here