Ingénieur Aimé Irambona yasabiwe umunyororo wo guherayo n’abakozi biwe 2

0

Aho ni mu rubanza rw’ikibiriraho rwariko rurumvirizwa na Sentare nkuru y’i Gitega. Uwo Ir Aimé Irambona akaba yagirizwa kwica umuntu arikumwe n’abakozi biwe babiri bakorera kw’i hoteli yiwe yise Kirimiro Hill iri mu gisagara ca Gitega. Uyo Ir Aimé Irambona akaba asanzwe arongoye akarere ko hagati gashira ubuseruko kubwubatsi m’Uburundi.

Ir Aimé Irambona asanzwe ari mu ndongozi z’urwaruka rw’Imbonerakure yafashwe n’uwurongoye igipolisi mu ntara ya Gitega, Commissairi Evariste Ntibogora, arikumwe na Bulamatari w’intara ya Gitega, Venant Manirambona hamwe n’uwurongoye iperereza mu ntara ya Gitega, Blaise Ngomirakiza. Akaba yafatanwe ikiziga c’uwitwa Ezechiel ari kumwe n’abo bakozi biwe bagiye kukinyegeza.

Abandi bakozi babiri n’umupolisi batatabaye bakaba basabiwe gufungwa imyaka 5 n’amande angana imiliyoni 600 bose abari murico caha bazoriha umuryango wa Ezechiel.