Amashirahamwe atwara abarundikazi gukora mu bihugu vy’abarabu yahagaritswe

0

Ivyo vyamenyeshejwe mu nama nshikiranganji yabaye kur’uyu wa 24 kigarama 2020. Prosper Ntahorwamiye, avugira Inama Nshikiranganji akaba yamenyesheje ko ayo mashirahamwe atwara abarundi nacane cane abigeme gukora mubihugu vy’abarabu afuswe ko ibikorwa vyayo bihagaritswe. Prosper Ntahorwamiye akavuga ko abashikiranganji basavye ikigo API kudasubira kwemerera ishirahamwe nimwe rikora murubwo buryo kubutaka bw’Uburundi.

Iyo ngingo ifashwe mu gihe hibonekeza igwiririrana ry’abarundikazi batwarwa mur’ivyo bihugu inyuma yaho hugururiwe kandi ikibuga c’indege ca Bujumbura citiriwe Melchior Ndadaye. Prosper Ntahorwamiye akavuga ko abo bakozi bafatwa nabi murivyo bihugu narirya atategeko narimwe rikwirikizwa rigenga abakozi yaba mpuzamakungu yaba amategeko y’abakozi yo mur’ivyo bihugu vy’ababarabu. Leta y’Uburundi ikavuga ko iriko iraraba ingene yovugana n’abatwara ivyo bihugu kugira abo barundi baja gukorerayo bubahirizwe mu gateka kabo.