Muri Zone Kinama mu gisagara ca Bujumbura, hari abagabo babiri bafashwe bariko barabaga imbwa mu gishingo co kubaga impene kugira bayishire mu kibanza izindi nyama zicururizwa maze abantu bazihereze.
Abo bantu nk’uko bikwiragizwa ku mbuga ngurukana bumenyi barokowe n’abapolisi kubera ko abanyagihugu bo mu Kinama bagomba kubihanira maze bakaba baciye bajanwa gufungwa.
Abi bagabo bafashwe bariko babaga imbwa bakaba bobo bavuga ko mu kabare kabo badandaza inyama y’impene.
Guhera uyu musi abanya Bujumbura cane cane ababa muri zone Kinama mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura bakaba bafise ubwoba ko kumbure baguze inyama z’imbwa hama barazifungura muri iyi misi mikuru.
https://twitter.com/HabonimanaIsid9/status/1343835526042963970?s=20
Twobamenyesha ko mu gisagara abvo twayaze bavuga ko inyama zari zakenye nubu zigikenye cane ku buryo ikilo c’inyama cavuye ku bihumbi 9 kija kuri 12 canke 15000.






Recent Comments