UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Audace Niyonzima avuga ko imiriyaridi 3 z’amafaranga y’amarundi atazi irengero ryayo

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Amafaranga arenga imiriyaridi 3 z’amadorari ntazwi irengero ryayo.N’inyuma yaho Umushikiranganji Audace Niyonzima arongoye ikigega ca Leta kuri uyu wa kane yariko arishura kubibazo vy’abashingamateka uko imfashanyo yatanzwe mu kurwanya ikiza COVID 19 yakoreshejwe mu Burundi.

Bariko baramubaza kuvyerekeye amafaranga yasigaye uko yakoze yasavye inama nshingamateka ko ivyerekeye amafaranga atazwi ico yakoreshejwe bovyihoza iryo suzumwa rikagarukira aho kuko ata nsiguro yayo ashobora kuronka.

Kubw’inkuru dukesha I radio rpa ijwi ry’abanyagihugu,Audace Niyonzima agira ati:«hari impapuro tudashobora kuronka ubu nyene twarihiyeko kandi sinokwomera ko zigiye kuboneka vuba rero mbona ko nkuko beshi mwagiye mubisaba mbona ko iri suzumwa ryogarukirizwa ngaha kuko cour de compte ntakintu twayinyegeje gusa ico nobamenyesha tugiye gukora neza kurushiriza uburyo bwo kwinjiza ibintu mu mpampuro bikabikwa neza ariko Mukuru w’inama nshingamateka muvyemeye irisuzumwa twokwemeza ko amafaranga yaragenewe kurwanya ikiza Covid19 yakoreshejwe neza».

Abashingamateka benshi barasavye umuco kw’irengero ry’ayo mafaranga ariko umukuru w’inama nshingamateka hahavuye afata umwanzuro yemeza ko amafaranga yari yagenewe kurwanya ikiza covi 19 yakoreshejwe neza ahubwo agashimira umurwi wari ujejwe gutunganya ayo mafaranga ko wakoze neza.
Gelase Ndabirabe agira ati:«ico twokora gusa nuko twoshimaa ko Imana yabafashije igikorwa bakagikora atabundi buhinga bavurwa ngo bigishijwe kuko n’abavyize cane mu bihugu vya bulayi bananiwe ariko twebwe twakoresheje ubwenge cimeza kandi bigenda neza .aha rero ku makosa yoba yarahabaye nkuko umushikiranganji abivuze birasanzwe ntihagire abibaza ko hari ubunyonyezi bwoba bwarabaye».

Abategetsi bamwe bamwe barakwiye gukorera igihugu neza bagashira imbere inyungu z’abanyagihugu babatoye .ni kenshi mu gihugu hama havuzwe ubunyonyezi bu bisata bitandukanye ariko bene kubikora ntibakwirikiranwe n’ubutungane.Leta irakwiye guhagurukira abanyonora amafaranga y’igihugu bakabogozwa kuko bitanga ishusho mbi ku gihugu

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments