Ingabo 16 z’Igihugu ca Niger Biciwe Hafi y’Umupaka wa Mali.

0

Muri Niger, abasilikare 16 b’igihugu biciwe  hafi y’umupaka wa Mali.Mw’itangazo yasohoye, leta ya Niger ivuga ko abakoze ubwo bubisha bari ku mapikipiki arenga ijana. Usivye abasilikare bayo 16 bishwe, abandi batandatu barakomeretse, uwundi nawe umwe aranyuruzwa n’ababateze.

Aba leta ya Niger ivuga ko ari bo bapfishije benshi muri bo, ariko imivyimba yabo yose bene wabo barayitwaye. Nta mugwi uriyitirira iki gitero. Leta ya Niger nayo ivuga gusa ko cakozwe n’umugwi w’iterabwoba.

Niger, Mali na Burkina Faso bibanye bimaze imyaka bihanganye n’imigwi y’iterabwoba yegukira al-Qaida n’Umugwi wa Leta ya cislamu. Mu kwezi kwa mbere no mu kwa gatatu , iyi mitwe yahitanye abanyagihugu hafi 240 mu burengerazuba bwa Niger. no mu majaruguru hegereye umupaka wa Mali.

Niger, Mali na Burkina Faso, hamwe na Mauritania na Tchad bishize hamwe bakora umutwe w’ingabo witwa G5-Sahel wo kurwanya iyi mitwe y’iterabwoba mu karere ka Sahel.