Inyuma y’amezi arenga 2 imipaka yugaye hagati y’u Burundi na Congo igiye gusubira kwugururwa vuba.

0

Hari haheze igihe kitari gito uburundi na Congo vyugaye imipaka kumvo zo kugwanya irandagata ry’ikiza ca covid19. Nta ruja n’uruza vyarangwa kuruwo mupaka mugihe abenegihugu b’ivyo bihugu vyose imyodogo yari myinshi kuko bari bamenyereye bagenderanira bagahanahana n’ibicuruzwa.
Umushikiranganji w’amagara y’abantu yavuze ko ugwo rubibe Uburundi buhana n’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo (mu Gatumba) rugiye kwugururwa vuba,
abivuze inyuma y’inama yahuje abagize umurwi ujejwe guhangana n’ikiza ca Corona virus, kuri uyu wa mbere.
Thaddée Ndikumana yamenyesheje ariko ko hazobanza gushirwaho ikigo co gupima uwo mugera aho mu Gatumba